Thursday, June 8, 2023
HomeLoveMenya ukuri : Ibintu 7 bikomeye bituma abagore batandukana n’abagabo babo

Menya ukuri : Ibintu 7 bikomeye bituma abagore batandukana n’abagabo babo

1.guca inyuma umugore

Abagabo kenshi baca inyuma abagore babo kuko mumiterere yabo baba bashaka kuvumbura no kumenya ibintu bishasha. Iyo amaranye igihe n’umugore wiwe aba yumva ashaka kumenya uko abandi bameze akamuca inyuma, ivyo rero bikaba bica bibabaza umugore bityo no gutandukana bikaba vyoshoboka kubera iyo mpanvu yo kuja mu bandi bagore.

gutandukana

2.gukunda gukora imibonano mpuzabitsina

Abagabo batandukanye hari igihe baba bashaka gukora imibonano mpuzabitsina igihe runaka ubundi abagore babo ntibabishake. Iyo umugore atari mu gihe co gushaka gukora imibonano mpuzabitsina bituma umugabo aja gushaka abandi babikorana,ivyo rero bikaba vyotuma batandukana.

3. gukunda uwundi mugore

Ntibikunze kubaho ko umugabo akunda uwundi mugore batashakanye ariko hari igihe arambirwa kubana nuwo batwaranye bityo agakunda uwundi kuko aba atagifitiye icizere uwo bashakanye. Ibi rero bituma umugore atandukana n’umugabo wiwe.

4. kutumvikana

Umugabo ni umutwe w’urugo ariko ntibivuze ko ivyiyunviro vy’umugore yuko bitohabwa agaciro kuko navyo birubaka cane . Iyo umugabo adaha agaciro ivyiyunviro vy’umugore wiwe, ntamwubahe ndetse ntamuhe ijambo murugo , ivyo bituma umugore atandukana n’umugabo.

5.kumugereranya n’abandi bagore

Iyo umugabo yatanguye kukugereranya n’abandi bagore, burigihe abona ko hariho abakurusha ubwiza canke se amahera, Ico gihe atangura kubirukira, wewe nta kwiteho cane bityo urukundo rukagenda rugabanuka, ivyo rero bishobora gutuma umugore afata icemezo co gutandukana n’umugabo wiwe.

6. kutita kubikenewe m’urugo

Iyo umugabo adakora ivyo asabwa nko gushaka ibitunga umuryango, ugasanga kenshi umugore ariwe akora ibintu vyose wenyene, ico gihe umugore ariwe avunika wenyene. Ivyo rero kenshi bituma umugore atandukana n’mugabo wiwe.

7. kutizera umugore

Iyo umugabo atizera umugore wiwe , burigihe akama yibaza ko umugore yoba aja mu bandi bagabo , ibi bituma umugore yunva ko atizerwa n’umugabo wiwe bityo bikaba vyotuma umugore aheba uwo mugabo bivanye nuko yunva ko atizerwa.

Must Read

Perezida wa Kenya William Ruto asaba bagenzi we ba Afrika gutera...

0
Umukuru w’igihugu ca Kenya William Ruto asaba bagenzi we bo ku mugabane wa Afrika gutera intambwe ikomeye igana mu bijanye no guheba gukoresha idorare...