Sunday, May 28, 2023
HomeNewsMenya ukuri aho guhagaze '' Ni ryari umukunzi wawe agusuzugura kubera ingeso...

Menya ukuri aho guhagaze ” Ni ryari umukunzi wawe agusuzugura kubera ingeso zawe ?

Hariho ibimenyetso bishobora kukwereka yuko umukobwa mwakundana ko yatanguye kugusuzugura kubera imyifato runaka yakubonyeko akumva adashoboye kuyihanganira.ubmnews

Ibimenyetso uzomenyerako yuko umukobwa mwakundana ko yatanguye kugusuzugura canke kugupinga kubera agakosa runaka yakubonyeko akaba atoshobora kukihanganira ni ibi bikurikira.

Iyo Yatanguye kugusuzugura no kugupinga uzosanga atakikuvugisha neza nk’ uko vyari bisanzwe ndetse n’ incuro yahora aguhamagara canke yahora aza kukuramutsa usanga yazigabanije.

Azotangura kurondera impamvu zituma atamarana nawe umwanya munini, aho azokubwira ko afise utuntu agiye gukora n’ izindi mpamvu zidasobanutse.
Yirinda kwongera kukubwira incuti nshasha yungutse no kukubwira gahunda ziwe za buri munsi nk’ uko vyari bisanzwe.

Uzosanga nimba hari ico yashaka ko umufasha uzosanga yabihagaritse, canke nimba hari ibintu runaka mwahora mukorana usanga noneho yatanguye kuza avyikorana wenyene atagishaka ko hari ico womufasha canke mukorana.

Nyabuna, namba ari uko bimeze isuzume kuko ngo buriya hari vyinshi bitagenda kuri wewe bituma agupinga canke agufata nk’ aho nta co ushoboye.
Menya kandi ko kuba ariko arakora ivyo atari gusa, ahubwo ngo gerageza kumenya impamvu iriko irabimutera hanyuma umenye uko uvyitwaramwo.

Namba ubonye bimeze gutyo woreka kwihatira canke ngo uhite ushavura, ahubwo mugenze gahoro, reka kumuhamagara, ahubwo koresha ubutumwa bugufi, mwandikire bibuze ureke hahere iminsi nk’ itatu urabe uko abifata, mwereke ko wita ku bintu kandi na we ukamuha umwanya munini mu buzima bwawe no muri gahunda zawe.

Gerageza kumubaza namba hari ikintu woba warakoze canke wamukoreye bikaba vyamushavuje kandi umwereke ko udahagaze ku makosa yawe, ahubwo ko wemera guhinduka.

Kuba asigaye yitwara nabi nivyo bituma utamubonera umwanya

Niyakubwira ko ata gihari kandi ukabona akomeje iyi nyifato wihatiriza, ahubwo na we mwereke ko wamupinze kandi utanezerejwe n’ ivyo ariko arakora.

Mwereke ko utanezerejwe n’ivyo ariko aragukorera nawe azokwibaza impamvu yavyo akurondere mu biganireko bihere neza maze musubirane umunezero wanyu nk’ uko vyari bisanzwe.

Gusa ngo wewe musore wirinde kuburana cane no guhakana amakosa, kuko namba bigenze gutyo ukabona bigoye ko akugarukira, reka kwiyumvira ko ivyawe na we vyaheze.

Siko bimeze kuko ngo ni ikintu gishobora kubaho kuko burya ngo naho wobana n’ umuntu mu rukundo ntihabeho kutumvikana no gushwana ngo buri muntu wese amenye uko uwundi ameze, burya ngo ntabwo ruba rukomeye kuko vyanse bikunze, urukundo rukomezwa na kahise.

Ngirango abakundana mwumvise ko ikintu cose kiba gifise aho cavuye, umukunzi wawe adashobora kwifata nta mpamvu ngo agende.

Must Read