Wednesday, May 31, 2023
HomeNewsMenya impanvu izotuma ( Petero Karaveri Mbonimpa ) avuye mu...

Menya impanvu izotuma ( Petero Karaveri Mbonimpa ) avuye mu bitaro azoca asubizwa mw’ibohero

Ubutungane bw’Uburundi bwafashe ingingo yo kugumiza mu munyororo Petero Karaveri Mbonimpa, umukuru wa APRODH, asanzwe akitswe n’amagara mu bitaro BUMEREC.

Mu gihe vyari vyitezwe ko kuri uwu wa mbere ariho hamenyekana ingingo y’ubutungane bw’Uburundi, kw’irekurwa vy’agateganyo rya Petero Karaveri Mbonimpa, sentare nkuru ikukira igisagara ca Bujumbura yafashe ingingo yo kugumiza mu munyororo Petero Karaveri Mbonimpa, w’imyaka 65, asanzwe arwaye ingwara y’igisukare n’iy’umutima, akaba ubu amagara amukitse mu bitaro BUMEREC. Ababuranira Petero Karaveri Mbonimpa, hamwe n’amashirahamwe adaharanira ivyicaro vya poritike bari basavye ko yorekurwa akazoburana yidegemvya. Abashingwamanza ba Petero Karaveri Mbonimpa bibukije abacamanza itegeko ry’umushikiranganji ryo kuwa 27 Myandagaro 2014 rivuga ko umupfungwa arenza imyaka 60, canke arwaye ingwara idakira, ko ategerezwa guhabwa umwidegemvyo w’agateganyo, akaburana yidegemvya.


Petero Karaveri Mbonimpa niyatora mitende azoca asubizwa mw’ibohero

Umushingwamanza Antoine Nzobandora yabwiye abacamanza ko Petero Karaveri Mbonimpa arwaye ingwara y’igisukari (Diabete) amaranye imyaka ine, akaba kandi arenza iyo myaka 60 ivugwa muri iryo tegeko ry’umushikiranganji w’ubutungane. N’aho abo bashingwamanza batahengeshanije kumusabira umwidegemvyo w’agateganyo, Sentare nkuru ikukira igisagara ca Bujumbura yafashe ingingo yo kumugumiza mu munyororo, akazoburana ava mw’ibohero.

Petero Karaveri Mbonimpa yahagaritswe kw’igenekerezo rya 16 Rusama 2014 yagirizwa guhungabanya umutekano w’igihugu n’uwo muri Repuburika iharanira intwaro rusangi ya Congo. Yarungitswe mw’ibohero rikuru rya Mpimba kw’itegeko rya Salvator NDAYIZIGA batazira Nyamizi, icariho c’umushikirizamanza wa Repuburika mu gisagara ca Bujumbura.

Sources : Igihe Burundi

Must Read