NEWS

Menya ico 2021 Investment ikora mu Burundi.

on

Woba wibaza ico 2021 Investment ikora mu Burundi? Ikinyamakuru cacu arico canyu UBM News caregereye abajejwe 2021 investment mu Burundi kugira batwiganire ico bakora hamwe n’intumbero yabo.

Ngiki ikiganiro twagiranye n’umwe mu barongoye iyo 2021 Investment mu Burundi, nawe akaba ari KWIZERA Gervais Patient:

UBM News: Witwa ngwiki? Usanzwe ukora ibiki?

KWIZERA: Nitwa KWIZERA Gervais Patient, nkaba nsanzwe ndi umutekamutwe(entrepreneur) nkongera nkaba uwujejwe gukurikirana ivya 2021 Investment mu Burundi( 2021 Investment Manager). Nkaba nsanzwe ndi umunyeshure kuri kaminuza y’i Bujumbura yitwa Bujumbura International University(BIU).

UBM News: Woshobora kutubwira ico 2021 Investment isigura hamwe n’ico ikora?

KWIZERA: Mu bisanzwe, 2021 Investment irigenga( private Investment) rishinzwe gutegura abana bafise ubushobozi bwo gukina umupira w’amaguru(football) mu buhinga bugezweho. Akazi kacu nako n’uko ducira inzira abana bakiri bato biyumva ko bokinira umupira w’amaguru mu bihugu biteye imbere mu mupira w’amaguru.

Aha twariko turabigisha ukuntu mu bihugu biteye imbere bifata nk’abakuze kandi bazi ico bakora

UBM News: Murakoze, none iryo zina 2021 riva hehe, ryoba riva mu rurimi nyabaki?

KWIZERA: 2021 si ururimi rw’abanyamahanga, ahubwo 2021 ni umwaka twipfuza ko ariho tuzoba tumaze kuronka abana bamaze kuronka ivyirwa n’ubumenyi bihagije vyotuma bashobora gukinira mu nzego mpuzamkungu mu mupira w’amaguru.

Aronkejwe ibirato vyo gukinisha umupira

UBM News: Nk’uko ubivuze, wavuze ko mucira inzira abana bakiri bato( aba jeunes), none mubacira inzira gute? Kuko ivyo twama twavyumvise bivugwa mu gihugu c’Uburundi.

KWIZERA: Ubwa mbere ico dushira imbere muri 2021 Investment, nuko dutora abana bafise impano ariko bakaba babuze amashure asabwa kugira bamenyekane nk’abandi(Education), bakagira ingorane z’uburyo bw’amahera(Financing), bakongera bakabura n’umuntu abitaho( mentor) mu bijanye n’umupira w’amaguru.

Aha kwar’ukwezi kwa mbere dutanguye umugambi, nkuko mubibona kwisanamu bari bafise amagara adashemeye.

UBM News: Kuri wewe ubona hari intambwe muriko muratera kuva mutanguye?

KWIZERA: Ego cane. Mu bakinyi dufise muri kino gihe, harimwo babiri twizeye ko bazokinira umugwi w’igihugu w’abatarakwiza imyaka cumi n’indwi(U-17 National Team) mu mwaka wa 2019.

Igice ca mbere c’urukino kirangiye

UBM News: Kubera iki mwibaza ko abo bana bazobishobora?

KWIZERA: 2021 Investment irizigiye ko bazobishobora kubera ko tumaranye amezi 9 kandi tukaba twarabateguje ibisabwa vyotuma bashobora gukinira U-17 National Team. Ikindi kandi, abo bana bakiri bato bafise impano yo gukina umupira w’amaguru twarabahaye indero, ukwiyizigira, twongera turabaha inyigisho ijanye n’ukuntu bategerezwa kwifata mu gihe bari mu kibuga canke hanze y’ikibuga.

Urukino rurangiye

UBM News: Hari abantu woshobora gushimira canke umurwi kanaka?

KWIZERA:Norangiza nshimira umurwi waba Slameurs ariwo Super Slams(n’umurwi w’abakobwa n’abahungu bakora Poésie Moderne Oratoire) akaba ariwo watumye ntera iyintambwe, mu kumfasha gukorana hamwe n’abandi( networking), kwitwararika amabanga njejwe hamwe no kugira umuzirikanyi wugurutse.

Umurwi Super Slams numurwi w’abakobwa n’abahungu bakora Poésie Moderne Oratoire.

UBM News: Mwoshobora kuduha amafoto yerekana incamake y’ivyo mumaze gushikako n’abo bakinyi banyu bakiri bato?

KWIZERA: Turafise amafoto menshi cane yerekana ivyo tumaze gushikako. Raba amwe muri ayo:

Nimwaba mufise ico mubaza kuri 2021 Investment, murashobora gusiga iciyumviro canyu aha hepfo muri Commentaire canke kuri Facebook.

Recommended for you

You must be logged in to post a comment Login

Leave a Reply