Wednesday, May 31, 2023
HomeLoveMenya Ibanga rikomeye ry’ivyishimo bidasanzwe mu gihe co gukora imibonano mpuzabitsina

Menya Ibanga rikomeye ry’ivyishimo bidasanzwe mu gihe co gukora imibonano mpuzabitsina

Ingo nyinshi zirasambuka ndetse abandi bagahora bababaye kubera kutishimira imibonano mpuzabitsina n’abafasha babo, Ubushakashatsi bwerekanye ko imibonano mpuzabitsina ikora vyose, kuko ngo ishobora gutuma umuntu abaho ababaye canke yishimye igihe cose.

Ariko ico tuzi neza nuko buri muntu wese ab’ashaka kubaho yishimye ubwo rero akaba ari nayo mpamvu nimba wahora ukora imibonano ukumva ataco bimaze, ukwiye kuja ukora ivyo tugiye kukubwira, kugirango usangire n’umufasha wawe ivyishimo bibonerwa mu mibonano mpuzabistina

1. Kugira ingengabihe

Bamwe mububatse bapfa gukora imibonano mpuzabitsina igihe baboneye, yamara ni vyiza kugira ingengabihe yo gukora imibonano mpuzabistina kuko bifasha kuyitegura neza. Bifasha kubanza kwitegura bihagije mu mutwe ndetse no ku mubiri, Bituma buri wese ategura uko ari bube yambaye, udukuru twiza baganiraho n’uburyo baza gukoresha mukurangura ico gikorwa c’abubatse.

2. Kugara icumba

Ni vyiza gufunga icumba muri gukoreramwo imibonano mpuzabitsina ngo hadahava hagira ikibakoroga, Bituma mwumva mufise umutekano, Nimba mufise abana, ni vyiza kubanza kubaryamisha kandi mukamenya ko basinziriye, Iyo ari kumurangp, mugomba kubabuza gupfa kwinjira mu cumba, bakabanza kudodora.

3. Vuga kandi ugerageze guhindura uburyo mwahora mukoresha mugukora imibonano mpuzabistina

Hari abantu batinya kubwira abakunzi babo ahantu habashimisha iyo bari mu gikorwa n’ibindi bumva bibashimisha, Si vyiza kuko bituma utagera ku vyishimo nyavyo mu mibonano mpuzabitsina.

Ni vyiza kandi guhindura uburyo mwari musanzwe mukoramwo imibonano mpuzabitsina kuko ushobora gusanga bumwe mutahora mukoresha ari bwo bwiza, ntugire isoni ryokuvuga wibaza ko umukunzi wawe yokeka ko uri indaya.

Niyo utabikora akabona uwundi ubimukorera bizakubabaza, Gusohoka navyo bituma mwishimana kuko ahantu haba hahindutse bigatuma nimba mu rugo hatuma utishima,bihinduka.

4. Kuganira

Nta mpamvu yo gukora imibonano mpuzabistina munumye kuko umwe ashobora kugirango washavuye, burigihe cose ja ushaka agakuru gasekeje canke k’urukundo kugirango hatagira uwumva ari wenyene, Akenshi usanga muri ibi biganiro ari ho umenyera ivyo umukunzi wawe akunda n’ivyo yanka.

5. Kureka kwitwaza impamvu zobabuza gukora imibonano mpuzabitsina

Ugomba kureka kwitwaza impavu zose zotuma mudakora imibonano mpuzabistina . Muri zo twovuga nk’uburuhe, umutwe, n’ibindi, Imibonano igabanya ububabare, itera gusinzira neza kandi irwanya n’umunaniro.

6. Kwitaho ukuntu ugaragara mu maso.

Uko ugaragara mu maso y’umukunzi n’ikintu ca mbere kiryosha imibonano mpuzabistina, Aha turavuga cane ku myambarire uba wambeye, Abantu benshi bakunda kubona abakunzi babo bambaye uduhuzu tugaragaza imyanya ndangagitsina yabo, Kwisiga amavuta ahumurira neza umukunzi wawe bituma akwiyumvamwo kurushaho ubwo gerageza uburyo bwose ushoboye ubanze kwanza gushimisha ijisho ry’umukunzi wawe .

Must Read