Mu gihe ibinyamakuru vy’abarundi bikorera kuri Internet bisohora inkuru z’abarundi bikomeje kuba vyinshi, ubu nkuko vyibonekeza hariho ibinyamakuru bishika kuri 5 vya mbere bisomwa n’abarundi benshi kwisi.
Nkuko twifashishije i site ya ( Alexa.com ) igenzura abantu bose batemberera i site kanaka hano rwo rwerekanye neza ibinyamakuru canke se ama site 5 y’abarundi asomwa cane ( Most Burundian visited website ).
Icitonderwa : Hano twakoze ubushakashatsi kuma Site y’abarundi atanga inkuru zanditse mu kirundi ” Ikinyamakuru ( IGIHE ) caje mu mwanya wambere naho UBMNews iza mumwanya 2” Raba urutonde hano musi uko bigenda bikurikirana.
1. www.igihe.bi
2. www.ubmnews.com
3. www.afrifame.bi
4. www.indundi.com
5. www.ingoma.bi
Ukuntu ama site asomwa cane bigenda bihindagurika bivanye nuburyo ikinyamakuru gikora ndetse kironka abantu benshi, nkakarorero mu mwaka uheze hano kuri UBM News twari ku mwanya wi 7 ariko ubu tukaba tugeze kumwanya wa 2 ivyo rero bikaba vyerekana neza ko twateye imbere cane gusumvya uko twakoze mu mwaka uheze. ” Kuruhande rwabarongozi ba UBM News, turashimira mwese mukomeza gukurikirana inkuru ducisha hano.