Wednesday, May 31, 2023
HomeNewsMenya hano ivyo Umu STAR '' Aline Vyuka '' yavuze kuvyerekeye...

Menya hano ivyo Umu STAR ” Aline Vyuka ” yavuze kuvyerekeye gukorana indirimbo na ”Bahati bukuku ”

Nyuma yaho umuririmvyi rurangiranwa akunzwe cane hano muri Leta zunze ubumwe za America ” Aline Vyuka ” vyunvikaniye ko ari muri Tanzania ( Dar-es-Salaam ), ndetse inkuru twaronka zidushikira zavuga ko hari nigihe azovayo muri Tanzania akoranye indirimbo na Bahati bukuku, Ikinyamakuru ca mbere gisomwa n’abarundi benshi gikorera muri America ” UBM News ” twashimye kuganira nuno muririmvyi tumubaza muko bimeze.

aline with bahati
Umuririmvyi ” Aline Vyuka ” hano arikumwe na Bahati bukuku

Mu kiganiro twakoranye ” aho we yari muri ” Dar-es-Salaam ” natwe turi muri America, Aline Vyuka yavuze ko yari gukorana indirimbo nawe ariko ikibazo nuko Bahati bukuku aheruka gukora isanganya ” Accident ” bityo ngo ntashobora kuja muri Studio.

Aline Vyuka yagize ati : Ego cane twari gukorana ururirimbo ariko Bahati bukuku yagize accident ntabwo ashobora kuja muri studio but she is my role model ejo nari kumuraba muhira iwiwe

bahati bukuku

Must Read