NEWS

Menya hano inzego zishasha z’umuganbwe CNL.

on

Umugambwe CNL(Congres National pour la Liberation)wa Rwasa Agathon waraye ushinze inzego ziwuserukira mu  gihugu cose c’Uburundi. Ivyo vyashizwe ahabona mu nama y’uwo migambwe ku musi wa gatandatu mu gisagara ca Bujumbura.

Rwasa Agathon yari yemereye abanywanyi biwe ko agiye gushira ahabona abaserukira uyo migambwe maze intwaro zo mu ntara zibone abaserukira CNL, ivyo navyo vyogabanya ihagarikwa nifungwa ry’abanywanyi ba CNL mu gihugu.

Ku bijanye n’amajambo yo gutera ubwoba yavuzwe n’umupolisi w’i Muyinga, Jerome Ntibibogora, Rwasa Agathon yamenyesheje ko uyo mupolisi ‘yosokora amajambo yiwe’ kugira abantu babane neza.

Raba hano abagize inzego zishasha za CNL:

Umukuru akongera agaserukira umugambwe CNL imbere y’amategeko : RWASA Agathon.

Abahanuzi biwe:  Mpozeriniga Félix  na  Nyandwi Bède. 
Umunyamabanga wa CNL: Simon Bizimungu, umuhanuzi wiwe ni umushingamateka Hakizimana Léopold.

Uwujejwe ibibazo vy’umutekano : Umushingamateka Ndayisenga Bernard, umuhanuzi wiwe ni Nintunze Abraham na Pascal Cishahayo.

Uwujejwe imigenderanire: Girukwishaka Nestor,  umuhanuzi wiwe ni umushingamateka  Coyitungiye Claver na Kezugema Charles.

Uwujejwe kumenyesha amakuru : umushingamateka Manirambona Térence, umuhanuzi wiwe ni Kararoba P.Claver.

Uwujejwe ubutunzi ni umupfasoni Niyonkuru Pélate , umuhamuzi wiwe ni umushingamateka Nduwayo Christophe.

Uwujejwe inyigisho ni umushingamateka Mbonigaba Noé, umuhanuzi wiwe ni Nawumuremyi Deogratias.

Uwujejwe ugutanga indero n’akarangamutima ni umushingamateka Hatungimana Godebelte, umuhanuzi wiwe ni Sindayigaya Rémy.

Uwujejwe urwaruka ni Nkunzumwami Aimable ,abahanuzi biwe ni  Ndayizeye Zéphyrin na Bagorikunda Séverin.

Uwujejwe iterambere ry’abakenyezi ni umpfasoni  Ntacobakimvuna Immaculée hamwe n’abahanuzi biwe Savyimana Sophie n’umushingamateka Nduwumwami Rénovat.

Abashingamateka 11 bava mu runani Amizero y’Abarundi nabo bakaba baronkejwe amabanaga mashasha mu mugambwe CNL.

Recommended for you

Leave a Reply

Your email address will not be published.