INTERNATIONAL NEWS

Menya Hano Imiryango 13 Itwara Isi Yose Mu Kinyegero.

on

Mu gihe haguma hakwiragira inkuru zitandukanye ku mbuga ngurukana bumenyi y’ukuntu hagiye kuzojaho Urutonde Rushasha Rw’isi( Nouvel Ordre Mondial), ikinyamakuru co kuri Internet citwa Africa24 cashize ahabona urutonde rw’imiryango 13 iriko irakora cane kugira urwo rutonde Rushasha rw’isi rujeho maze bikanavugwa ko iyo miryango ariyo itwara isi mu mpisho.

Uwo murwi w’imiryango 13 uremera ko ufise ububasha bwo kuganza isi yose kubera ko bemera ko bavyawe n’ibimana vya kera maze bakifata nk’abami. Ariko rero naho abantu kw’isi batemera ivyo bavuga canke ngo bemera ko banabaho, hari urutonde rw’iyo miryango rwagiye ahabona:

Iyo miryango( familles) 13 ni: 1)ROTHSCHILD( Bauer canke Bower), 2)Bruce, 3)Cavendish( Kennedy), 4)De Medici, 5)Hanover, 6)Apsburg, 7)Rupp, 8)Plantagenet, 9)Rockefeller, 10)Romanov, 11)Sinclair, 12)Warburg(Del Banco), na 13)Windsor.

Muri iyo miryango yose, umuryango ukomeye kw’isi yose ni ROTHSCHILD, umuryango watangujwe na Benjamin Rothschild( kw’ifoto hepfo) uvugwa ko ufise ubutunzi bungana n’amadolari y’Abanyamerika ashika ku miliaridi bihumbi amajana atanu( 500 Trillions US $). Uyo muryango ukaba ufise ububasha kw’isi cane mu bijanye n’amabanki kw’isi, ayo usanga yose kw’isi yegukira uwo muryango wa Rothschild.

Amashirahamwe akora cane kw’isi kugira hashirweho urutonde rushasha rw’isi ni: Mu gisagara ca Londres mu Bwongereza( ibigega vya Leta, biri munsi ya Rothschild); ama banki akomeye yigenga yo muri Amerika akontororwa na Rothschild; Igisagara ca Vatican( igisanzwe kidondorwa ko gikwiragiza ibinyoma n’ubwoba mu bantu).

Igitangaje kandi kuri ayo mashirahamwe n’uko ata tegeko na rimwe usanga kw’isi ribaraba, bafise uburenganzira bwo gukora ico bashatse kuko ata wobakurikirana. Hakaba hariho nayandi mashirahamwe yo mu kinyegero akomeye nayo nyene akorera iyo miryango 13.Ikindi gikoresho iyo miryango yikorako ni kwigisha amategeko abana kandi ata bibazo vyemerewe kubazwa. Uyu mwaka wa 2018 uriko uravugwamwo vyinshi cane bigiye kuzohindura kazoza k’abantu,tuzoza turabagira ku muriri bimwe bimwe muri vyo.

Recommended for you