Agathon Rwasa umwe mubanyepolitique baba mu Burundi bafise abakunzi benshi avuga ko amatora y’imirije y’umukuru wigihugu yo 2015 ko atanumwe bari bakwiye gukumira ko yokwitoza kuko ngw’intambara bahozemwo ngo yaraheze.
Agathon Rwasa arongoye FNL, uwo mubona ari hagati yabo basirikare.
Ubwiwe avuga ko basezeye intambara ndetse akaba asaba umugambwe uri kubutegetsi yuko woshira ubwoba bwo gutsindwa ahubwo ngo ureke nabo batavuga rumwe bahiganwe kugirango abanyagihugu abe aribo bitorera.
Agathon Rwasa agira ati : Twarasezeye Intambara ,Nibashire ubwoba bwogutsindwa mumatora,batunganye amatora meza yo mu 2015 atanumwe bakumiriye, duhiganwe uwutsindwa atsindwe uwutsinda atsinde .