Thursday, June 8, 2023
HomeLoveMenya hano ibintu 5 bikomeye vyoshobora kugufasha ukazokwama ufise umunezero n'umukunzi wawe

Menya hano ibintu 5 bikomeye vyoshobora kugufasha ukazokwama ufise umunezero n’umukunzi wawe

Umuntu wese ashobora kwinjira m’urukundo kandi iyo winjiye murukundo uba wipfuza ko wama unezerewe ibihe vyose ndetse ukagira namahoro murukundo uba winjiyemwo.

UBM News yaritegereje ibona yuko hari ibintu bishika kuri 5 wogenderako kugirango ushobore kugira umunezero urenze, naho hariho vyinshi cane vyoguha umunezero ariko ibi vyovyo ngiye kukubwira niwabikwirikiza bizoguha umunezero uhagije.

1.Gukunda umuntu agukunda nawe.

Twaritegereje tubona yuko gukunda umuntu ukabimubwira ari ibintu vyoroshe ariko kugira ngo usange nawe agukunda ntibikunze kubaho. Nimba ugiye gusaba umuntu urukundo ntiwiyunvire yuko azoca akwemerera ahubwo wishiremwo ko harigihe ushobora gusanga hari uwundi bakundanye canke ko bishika ntakwiyunvemwo . Si vyiza rero kubimuhatiriza kandi atabikeneye.

2.Kudakora igereranya

Ni vyiza kunyurwa n’umukunzi wawe ukumva ko ariwe wenyene mukwiranye naho yoba atariwe wa mbere mukundanye. Nimba kandi warigeze gukundana n’abandi uzokwirinde kumugereranya nabo, haba mu vyo agukorera canke n’uko wewe umubona. Ibi bizotuma urukundo umukunda rwiyongera.

3.Kumenyana bihagije n’umukunzi wawe

Kubwira ibintu vyose umukunzi wawe ntihagire na bimwe umuhisha,kumugisha inama no kumwiyumvamwo bitanga umunezero mwinshi mu rukundo.Ibi kandi bigufasha kumenya ingeso ziwe,ukamenya ico akunda n’ico yanka.

4.Kubwizanya ukuri muri Vyose

Ukuri ni ngombwa igihe cose mugihe uba uriko uraganira n’umukunzi wawe kuko gutuma habaho ukwizerana ndetse kubwizanya ukuri gutuma utagira umutima uhagaze igihe cose muri kumwe canke mutari kumwe.

5.Kumuha umwanya wisanzuye

Ntuzobere umukunzi wawe intambamyi canke inzitizi ku bintu bimwe na bimwe bitohungabanya urukundo rwanyu. ego ndabizi ko gufuhira uwo ukunda ari ngombwa kuko bica biboneka ko umwitaho ariko ntibikabe urwitwazo ngo ube womubangamira no mu gihe bitari ngombwa. Urukundo ntabwo ari umubabaro ahubwo ni isoko y’ umunezero uhagije uri hagati y’abakundana.

Must Read

Perezida wa Kenya William Ruto asaba bagenzi we ba Afrika gutera...

0
Umukuru w’igihugu ca Kenya William Ruto asaba bagenzi we bo ku mugabane wa Afrika gutera intambwe ikomeye igana mu bijanye no guheba gukoresha idorare...