NEWS

Menya hano bamwe mu baronkejwe ubushimwe n’umukuru w’igihugu.

on

Ku musi mukuru wo kwikukira wahimbajwe ejo itariki 1 ya Mukakaro 2019, umukuru w’igihugu c’Uburundi, Petero Nkurunziza hariho bamwe bamwe mu Barundi yashimiye cane kubera ukwitangira igihugu.

Uburundi bukaba bwahimbaje imyaka 57 iheze Uburundi bwikukiye maze bukavavanura n’intwaro z’abakoloni b’abadagi n’ababiligi ku wa 1 Mukakaro 1962.

Bamwe mu baronkejwe ubushimwe n’umukuru w’igihugu hariho uwuserukira Uburundi muri ONU ariwe Albert Shingiro.

Albert Shingiro arazwi ko adahengeshanya mu kuburanira igihugu c’Uburundi muri ONU nko mu gihe ca za nama z’umutekano za ONU usanga zivuga ko mu Burundi hari ibitagenda neza naho himirije amatora ya 2020.

Albert Shingiro ntahengeshanya guhangana n’ibihugu bimwe bimwe bigishaka ko Uburundi bwobandanya bubonwa ko buteye akaga ku mahoro n’umutekano mu makungu, maze agasaba ko Uburundi bwokurwa ku rutonde rw’ibihugu kw’isi bibangamiye amahoro n’umutekano kw’isi.

Utundi yahawe agashimwe akaba ari umeigeme yutwa Bukeyeneza Ornella, maze akaba yahawe agashimwe k’inka zibiri n’Umukuru w’igihugu kubera ko yabaye umwogeme wa mbere mu bakeneyzi mu Burundi yakoze igikorwa ca gosirikare co gukoroka avuye mu ndege ya gsirikare ariyo kajugujugu.

 

Recommended for you