NEWS

Menya Buramatari mushasha w’intara ya Muramvya yari imaze amezi 8 itagira uwuyirongoye

By

on

Intara ya Muramvya yari imaze umunani itagira Buramatari yaronkejwe kuri uwu wa kabiri uwuyirongora. NICIMBESHE Laurent niwe kuva kuri iri genekerezo rya 19 Ruheshi 2018 aramutswa iyo ntara, inyuma y’aho uwahahora agenewe kurongora ishirahamwe ARFIC rijejwe ivy’ikawa.

Iryo zina ry’uwurongoye intara ya Muramvya ryarungitswe mu nama nkenguzamateka n’umukuru w’igihugu c’Uburundi Petero NKURUNZIZA, rikaba ryemejwe n’abakenguzamateka bose 39 bari bitavye ibikorwa vyo kuri uwu wa kabiri.

Abanyagihugu baganiriye n’ikinyamakuru UBM News bemeza ko iyo ari inkuru nziza kuba baronse uwubarongora, kuko hari ivyo batashobora kuronka iyo bagiye kubirondera ku biro bikuru vy’intara. Ivyo ni nk’impapuro zimwe zimwe zasaba ko hajako umukono wa Buramatari.

Mwomenya ko hari n’izindi ntara zaronkejwe ba Buramatari bashasha. Izo ni nka Bubanza ubu irongowe na BUTOYI Therence, Bururi irongowe na NIYONZIMA Frederic, Kirundo irongowe na MUTABAZI Alexis Tribert, RUTANA irongowe na Fidele, hamwe na RUYIGI irongowe na BASHINGWA Elie.

Recommended for you