NEWS

Menya amakuru y’Ibanga ashirwa ahabona ku bijanye n’ukugarukana Intwaro ya cami mu Burundi.

on

Mu makuru y’ibanga yatanguye kuja ahabona imbere y’amatora ya 2020, hoba hariko harategurwa intwaro ya cami mu Burundi maze intwaro ya demokrasi canke intwaro rusangi isezererwe mu Burundi.

Ivyo vyemezwa n’uko leta ihari ubu mu Burundi yamaze guhindura icivugo ca leta. Icivugo cahahora Ubumwe-Ibikorwa-Imajambere casubirijwe n’Umwami-Imana-Uburundi bikaba vyateye abatari bake kwibazako intwaro ya cami yoba igira igarukanwe mu Burundi.

Mu makuru ava muri CNDD-FDD yashikirye ikinyamakuru Itara Burundi amenyesha ko bamwe muri CNDD-FDD boba bariko bategura ibikorwa vyo kwimika Petero Nkurunziza maze akaba umwami w’Uburundi ibihe vyose, na cane cane ko yiswe ‘Imboneza yamaho’.

‘Ishusho yashushanijwe ku bwo gusigura’

Ikinyamakuru Itara Burundi kimenyesha amakuru y’ibanga yavuye mu mugambwe uri ku butegetsi, CNDD-FDD, gutya:

« Tuzotumako imyiyerekano yo  gusaba Petero Nkurunziza ko yosubira kwitoza ubugira kane hanyuma abaporisi n’abasirikare bakazoba bafise itegeko ryo gufata abahoze mu nzego z’umutekano za kera babagiriza kuba inyuma yavyo, bafate abategetsi bose batugwanya botubera intambamyi hamwe no kurasa ku maguru abantu bazoba bari mur’iyo myiyerekano, hace haba akajagari gurtyo rero Petero Nkurunziza nka sebarundi azoca amenyesha ko kuva ubu ahagaritse imigumuko yose, kuko Imana yamubwiyeko  ataciswe umukuru w’igihugu ukundi ariko agiye kuba umwami w’uburundi.»

Nk’uko amakuru ya Itara abandanya abimenyesha, ngo bamwe bamwe mu batemera ko Petero Nkurunziza abandanya atwara Uburundi baramaze gutangura kwegeranya imikono y’abadashigikiye ko Petero Nkurunziza abanadanya atwara Uburundi, maze uwudasinye akibonerako.

Mukibuka ko no mu mwaka wa 2015 ariko vyagenze aho abadashigikiye ukwitoza kwa Petero Nkurunziza basohoye inzandiko hama baribonerako mu kwirukanwa mu Burundi abandi baratakaza ubuzi bwabo.

Mwomenya ko Petero Nkurunziza amaze kumenyesha incuro nyinshi ko atazosubira kwitoza mu matora ya 2020 kugira yitoze kurongora Uburundi ku ncuro ya kane.

Recommended for you