NEWS

Mbonimpa Na Nahayo Basutsemwo Mabisi Muri CNARED.

on

Inyuma yaho abategetsi bamwe bamwe muri CNARED basohoreye urwandiko rwasohotse itariki 25 Nzero 2018, rwo kwiyamiriza Jean Minani ,umukuru w’urunani rutavuga rumwe na Leta y’I Bujumbura, ubu hoho hoba hasutsemwo mabisi na rirya muri urwo runani hariko hasa nahariko haka umuriro.

Ejo ku musi wa mungu itariki 11 Ruhuhuma 2018, niho abagize urwo runani bakoranira hamwe harimwo n’abasohoye urwo rwandiko rwagiriza Jean Minani gukoresha nabi ubutunzi bwa CNARED no gukoresha aka mwana wa mama. Muri uwo mubonano, abahumure nka Pierre Claver Mbonimpa na Julien Nahayo,barahawe agateka ko kuba abafasha mu gutorera umuti ukwo kutumvikana kuri hagati y’abashamiranye muri CNARED.

Soma kandi: Ntivyoroshe Muri CNARED! Kubera Iki?

Abitavye uwo mubonano bakaba ‘barashimiye abo bahumure b’abafasha aribo Pierre Claver Mbonimpa na Nahayo Julien, maze baremesha abanyagihugu b’abarundi ko CNARED-GIRITEKA iguma ifatanye mu nda mu kugarukana iteka no kurwanara amasezerano y’I Arusha’, nk’uko urwandiko CNARED yaciye ishira ahabona ejo ku wa mungu ruvyerekana.

Ku basinye kuri urwo rwandiko harimwo uwagirizwa ariwe Jean Minani n’uwahagariye abasinye urwandiko rwa 25/01/2018 ariwe Leonidas Hatungimana, ikimenyetso cerekana ko abari basigaye badacana uwaka basubiye gusangira akabisi n’agahiye.

Recommended for you