Igenekerezo rya 28 Ruhuhuma ryaranzwe n’imyidogo itari mike y’abasanzwebatwara amakinga bamenyesha ko batashoboye kuronswa amahera bari bemerewe mu gihe boja mu rugendo rw’amahoro rwari rwahamagawe n’uwusanzwe arongoye igisagara ca Bujumbura Saidi Djuma.
Amakuru dukesha bagenzi bacu bakorera ikinyamakuru Igihe ngo urwo rugendo nyene rwasubiriye guhamagarwa na Saidi Djuma mu ntumbero yo gushigikira rya sekeza ry’iminsi ijana yo gutsimbataza amahoro n’umutekano mu Burundi. Uwo mutware agahamagarira abasanzwe bafise amashirahamwe n’ akaba ahamagarira abarongoye amashirahamwe, abaserukira amadini n’amashengero, hamwe n’abajejwe intwaro guhimiriza abo barongoye kwitaba urwo rugendo rwo gutsimbataza amahoro. Akaba yabasavye ko ata n’umwe yoza yambaye impuzu ziranga imigambwe canke impuzu zisa n’iza gisirikare.
Urwo rugendo rw’amahoro rukaba rutegekanijwe igenekerezo rya 28 ntwarante, rukazokwama ruba imisi ya gatandatu ya nyuma y’ukwezi. Mbega None ubu ho ni bande