NEWS

Maugufuli avuga ko impunzi z’Abarundi ‘zosubira iwabo mu maguru masha’

on

Umukuru w’igihugu ca Tanzania, John Pombe Magufuli, yamenyeshe mu ndwi iheze ko impuzi z’Abarundi ziri ku butaka bw’igihgu ciwe ca Tanzania zokwitegura ‘gusubira mu gihugu cabo c’Uburundi mu maguru masha’.

Ivyo akaba yabibwiye abariko bamwuviriza ku miso wa gatandatu mu ndwi turangije maze avuga ko impunzi z’Abarundi ziri muri Tanzania zotahuka kandi ko ‘zitokwitega kuronswa ubwenegihugu‘ muri Tanzania.

“Ntihagire uwubahenda, nta bwenegihugu buhari ku mpunzi z’Abarundi, nimutahe mu gihgu canyu c’amavukiro kuko ubu ari igihugu gitekanye”, niko Magufuli yamenyesheje.

Magufuli aravuga amajambo yo gukara aho avuga ko mbere na Yezu yahunze hama arahunguka.

“Na Yezu yarahunze ariko kandi yarahungutse”, niko Magufuli yamenyesheje abariko bamwumvuriza avuga ku mpunzi z’Abarundi.

Ariko rero mwomenya ko amashirahamwe mpuzamakungu nka ONU nayandi amenyesha ko mu Burundi hataratekana ku buryo impunzi z’Abarundi zotahukanwa.

Mwomenya ko leta y’Uburundi yasinye amasezerano na Tanzania ko hagiye kubaho ihungurwa ry’Abarundi bose baba ku butaka bwa Tazania guhera muri kuno kwezi kwa Gitugutu 2019.

Hakaba hamaze guhunguka abarundi barenga 1000 kuva hasinywe ayo masezerano yo kubahungura mu ntango za kuno kwezi kwa Gitugutu.

Recommended for you