NEWS

Masterland yasohoye video Nziza cane yakataraboneka mu Burundi.

By

on

Ku munsi w’ejo igenekerezo ry’7/1/2017 niho umuririmvyi akongera akaba umuhinyayuzi ariwe Masterland yashira ahabona indirimbo yiwe ”Ntundekure”,indirimbo yaje irikumwe n’amasanamu yayo,amasanamu ari ku rwego mpuzamakungu nkuko abamenyeshamakuru bari ngaho bashoboye kuvyibonera

Ikinyamakuru cacu ubmnews kikaba naco cari cishikiye aho bariko berekanira irya mbere ayo masanamu aho vyagaragaye ko abantu bose bari ngaho bashimye cane ayo masanamu bakanavuga ko n’abandi baririmvyi b’abarundi bari bakwiye kurabira akarorero kuri Masterland mugukora amasanamu ari ku rwego rwo hejuru nkuko Masterland yaraye abikoze

Raba hano amasanamu y’indirimbo Ntundekure,amasanamu yakozwe n’abahinyayuzi babiri,aribo:Kent-p na Hugues Bana

Recommended for you