Ibigo vy–ikigo Maison shalom biri mu ntara ya Ruyigi nivyo umunyamabanga mukuru w-umugambwe CNDD-FDD yaraye yuguruye icese ko bigiye gucumbikira urwaruka ruhurikiye ishirahamwe ry-umupira w-amaguru witwa Aigle Noir ryegukira Fondation Pax Burundi ,isanzwe imwegukira.
Umupfasoni Margarita Barankitse arongoye ikigo Maison Shalom ariyamiriza iyo nyifato ya Reverien Ndikuriyo avuga ko igayitse yo kwigarurira inyubakwa nyishi zahora ari izico kigo. Margarita Barankitse avuga ko iyo ngendo yo kwihagira ivyo bigo vya Maison Shalom ari umutima w-ubukozi bw-ikibi urangwa mu butegetsi bwa CNDD-FDD.
ˮMusazanje Reveriyano Ndikuriyo nagire ngo ndakwibutse ko wama uyaga urukundo , ubwo Burundi bwa CNDD-FDD bwigisha kubiba urwanko, buhagaze ku gacinyizo, kukwangaza abarundi no kunyaga, buhagaze ku kwica no gufungira abantu ubusa, buzovaho, buzovaho! Kuko urukundo nutaba waruzi icivugo ca Maison Shalom , Maison shalom si ayo mazu , Maison Shalom si ayo matafari, Maison shalom ni icivugo c-urukundo‟ Niko butumwa Umupfasoni Margarite Barankitse yahaye Reverien Ndikuriyo.
Uwo arongoye ikigo Maison Shalom asaba abajejwe amashengero gufasha urwaruka kugira rugendere Ubuntu mu kwitandukanya n-intumbero y-ubutegetsi yo gutoteza abandi.
Umupfasoni Barankitse ati: ˮNagire nsemerere mbwire abo bose bungere b-imitima y-abarundi mwigishe abantu urukundo, mu kugira Maison Shalom. nashaka ko urwaruka rushasha ruzobuza ko uburundi habamwo impfuvyi, haba abana baboherwa mu mabohero, haba abana mw-ibarabara, haba abavyeyi bavyara bakabura aho babakirira. Mw-abanya ruyigi babanyaze ibintu mugabo mugumye Ubuntu tugume dukundana dufatanye munda‟
Tubamenyeshe ko ikigo Maison Shalom cari cashinzwe kugira gifashe mu bisata vy-amagara y-abantu, abana bo mw-ibarabara, kwiga imyuga hamwe n-utugenegene.