NEWS

Malawi : Imishamirano Ikomeye Hagati Y’Abarundi N’Abanyarwanda.

By

on

Abategetsi bo mu gihugu ca Malawi biyamirije bivuye inyuma imishamirano ikomeye yabaye uyu musi wa gatanu hagati y’impunzi z’abanyagrwanda hamwe nizindi mpunzi z’abarundi ziba mu nkambi imwe iri hafi y’umugwa mukuru wa Malawi ari wo Lilongwe.

Nkuko ibinyamakuru bitari bike vyabitangaje,yabitangaje,Umushikiranganji w’intwaro yo hagati wa Malawi yagaragaje akababaro maze asohora itangazo riti : « Twebwe nk’igihugu cabakiriye, turababajwe niyo ngendo izo mpunzi zagaragaje.Ivyo bitegerezwa guhagarara bidatevye ».

Mu misi yahera, ibinyamakuru vyo muri Malawi vyaravuze ku mpari zitari zike zabaye hagati y’abanyagwanda n’Abarundi mu nkambi y’impunzi iri muri ico gihugu yitwa Dzaleka iri ku bilometero nka 40 uvuye ku murwa mukuru Lilongwe.

Ikambi y’Impunzi ya Dzaleka iri muri District ya Dowa muri Malawi

Ikinyamakuru The Nation camenyesheje ko « hari abapfuye » hagati y’imiryango y’abatutsi n’abahutu bo muri ivyo bihugu bibiri( Rwanda n’Uburundi) muri iyo mishamirano.Igihe yabazwa na AFP kuri ayo makuru, umuvugizi w’igipolisi wa Malawi yahakanye ayo makuru, maze avuga ko ari « agasanganya katajanye niyo mishamirano ».

Umushikiranganji Chiuma yabandanije agaragza akababaro gutya : « Turi ngaha kugira tubacungerere umutekano nukumererwa neza kwanyu, hama mugatangura kuryana biva ku rwanko ruri mu mitima yanyu ruri hagati y’ibihugu vyanyu…turababaye ».

Igihugu ca Malawi kikaba gifise impunzi zishika kuri 29 000, igice cazo zikaba ziva muri Republika iharanira Demokrasi ya Kongo.

Umubano hagati y’Uburundi n’Urwanda si mwiza. Leta y’Uburundi yagiriza Urwanda kubika impunzi ku butaka bwabo kugira bagaruke guhungabanya Uburundi, ivyo leta y’Urwanda ihakana.

Recommended for you