NEWS

Malariya imaze guhitana abantu 1800 mu Burundi mu 2019.

on

Ingwara ya malariya imaze guhitana abantu bashika ku 1800 mu Burundi muri uyu mwaka wa 2019, nk’uko ishirahamwe mpuzamakungu ONU ribishira ahabona.

Ico gitigitri kikaba kingana hafi abantu bamaze guhitanwa na Ebola mu gihugu kibanyi n’Uburundi, arico Repunlika iharanira demokorasi ya Kongo.

Ishirahamwe OCHA rya ONU rikamenyesha ko abantu bashika ku miliyoni 5 n’ibihumbi 700 bafashwe n’ikiza ca malaria kuva muri nzero 2019 gushika muri Mukakaro 2019.

Ico gitigiri kikaba ari hafi igice c’igitigiri c’Abarundi bose hamwe baba mu Burundi ubu boba barizwa mu miliyoni 11.

OCHA isaba abategetsi bose begwa n’ico kibazo guhaguruka bose bakagira inguvu ikiza ca Malariya kitarashika kure cane.

Igihugu c’Uburundi kikaba kiri mu bihugu vya mbere bikenye kw’isi, aho kuva mu mwaka wa 2015 ibintu vyagiye kwunyuka maze abanyagihigu bakabandanya binjira mu bukene butagira izina.

 

Recommended for you