NEWS

Makamba : Umuvunjayi yishwe arashwe

on

Umugabio azwi kw’izina rya Emile NTAHIRAJA yahora akora akozi k’ubuvunjayi kw’isoko bita kwa Buhinja yishwe arashwe n’abantu bitwaje inkoho n’imipanga ku mugoroba wo kuri uwu wa kane igenekerezo rya 4 Nzero 2019, nk’igihe c’isaha cumi n’imwe n’iminota mirongo itatu (17h30).

Uwo mugabo yiciwe ku musozi Gifumbe, zone Bukeye, komine Kibago, intara ya Makamba, mu giporisi c’Uburundi bakamenyesha ko yarashwe n’umurwi w’abantu bane bari bitwaje inkoho imwe hamwe n’imipanga.

Abajejwe umutekano baranyarukiye gushika muri ico kibanza cari gihejeje kuberamwo ubwicanyi, ivyatumye batatu muri abo bane bitwaje ibirwanisho bafatwa.

OLYMPUS DIGITAL CAMERA

Recommended for you

Leave a Reply

Your email address will not be published.