NEWS

Makamba : Umuvugabutumwa abarizwa mw’ibohero

By

on

Igiporisi co mu ntara ya Makamba cataye muri yompi Petero Karaveri Havyarimana, umuvugabutumwa wo kw’ishengero rya Pentekoti ryo muri komine Kayogoro, intara ya Makamba. Uwo mupasitori yafashwe ku mugoroba wo kuri uwu wa gatatu, ku mutahe w’ukumurondeza watanzwe na parake nkuru y’intara ya Makamba.

Petero Karaveri Havyarimana akaba yaraye ijoro ryiwe rya mbere mu gasho k’igiporisi mu Mabanda, iyo ntara nyene ya Makamba.

Amakuru atangwa n’abegereye uwo mupasitori avuga ko yoba yafashwe ku rubanza afitaniye n’abo basangiye ishengero rya Pentekoti aho mu ntara ya Makamba.

Recommended for you