NEWS

Makamba : Umusore ari mw’ibohero yagirizwa gufata ku nguvu umwana

By

on

Umusore w’imyaka 22 abarizwa mu gasho ka komine Nyanza Lac intara ya Makamba, kuva kw’igenekerezo rya 7 Munyonyo 2018, yagirizwa ko yafashe ku nguvu umwana w’umwigeme w’imyaka 12.

Bosco w’imyaka 22 yafatiwe ku musozi Mugerama, zone Nyanza-Lac.

Umuryango w’uwo mwana bivugwa ko yafashwe ku nguvu uvuga koi co caha cakozwe ku mugoroba , mu gihe uwo mwana yari avuye aho yari yatumwe n’abavyeyi biwe.

Abavyeyi b’uwo mwana baramutwaye kwa muganga, ibipimo vyakozwe bikaba vyeremeje ko icaha c’ugufatwa ku nguvu cakozwe.

Mu giporisi mu ntara ya Makamba baremeza ko uwo musore ari mu gasho, bakavuga ko amatohoza abandanya kugira uwagirizwa ico caha ashikirizwe ubutungane.

Recommended for you