NEWS

Makamba : Umugabo yagirizwa kuzura abantu yafashwe n’igiporisi

By

on

Hari umugabo wo muri komine Nyanza Lac intara ya Makamba yafashwe kuri uwu wa kane, akaba apfunzwe yagirizwa kuzura abantu. Uwo mugabo yafashwe inyuma y’aho mu gihe yariko yimba ikinogo c’ugufyatura amatafari, yaserutse ku magufa menshi y’abantu yari mu kinogo cahambwemwo abantu benshi bataramenyekana igitigiri.

CIZA Daltan yaserutse kuri ayo magufa mu gihe yariko ategura ikinogo kizovamwo amatafari. Igiporisi c’intara ya Makamba kimwagiriza ko yabandanije kwiba mu gihe yari yabonye ko yaserutse ku magufa y’abantu, akaba kandi yagirizwa ko yegeranirije mu kibanza kimwe ayo magufa y’abantu, kandi atabisabiye uruhusha abajejwe intwaro.

Abajejwe intwaro mu ntara ya Makamba bikeka ko abo bantu boba bishwe mu mwaka w’1996, mu ntara zikomeye zariko zihuza abasirikare b’Uburundi hamwe n’abarwanyi b’umuhari FDD wahavuye uhinduka umugambwe CNDD FDD inyuma y’amasezerano y’i Arusha.

Amakuru atangwa n’abegereye ahatowe ayo magufa avuga ko ico kibanza cari kirimwo ikirindiro c’abasirikare mu mwaka w’1996, aho akaba ari mu gihe nyene ico kibanza, ariwe nyene uwo mugabo yafashwe, yari yahungiye mu gihugu ca Tanzaniya kubera intambara yari mu Burundi.

Abaharanira agateka ka zina muntu mu ntara ya Makamba basaba ko abahambwe muri ico kinogo bomenyekana bagashinguranwa iteka n’imiryango yabo, nayo ababishe bamenyekane bashengezwe imbere y’ubutungane.

Recommended for you