NEWS

Makamba : Amafaranga arenga imiriyoni zitatu yibwe muri Posita

By

on

Amafaranga y’amarundi agera ku miriyoni zitatu, ibihumbi amajana atandatu n’icenda hamwe n’amafaranga amajana icenda (3.609.900) niyo yibwe mw’ishirahamwe ry’ukuguranana Posita, ishami ry’i Makamba.

Ayo mafaranga yibwe n’abantu bataramenyekana babomoye imiryango barinjira, biba ayo mafaranga y’abanyagihugu bari batanze kugira bazoronswe ifumbire.

Abo basuma bagiye kandi batwaye intonde zari zanditseko abarimyi bari batanze ayo mafaranga kugira bazoronswe umwavu wa kijambere.

Umuporisi n’umunyezamu bari baraye ku kazi k’izamu ubu bariko barabazwa ibijanye n’ubwo busuma.

Mwomenya ko uwundi muporisi yahora akorera kuri iryo shami rya Posita ryibwe bamubuze.

Recommended for you