NEWS

Makamba : Abantu cumi na batanu batawe muri yompi

By

on

Abo bose uko ari 15 bahagaritswe ku mugoroba wo kuri uwu wa gatatu. Igipolisi co mu Kayogoro (intara ya Makamba), kimenyesha ko abahagaritswe bariko baritegurira kwiba ibigwanisho muri birigade igira 520 . Mu giporisi bavuga ko abo bantu bari bafise ibikoresho vyo kumena ububiko bw’ibirwanisho.

Abo bantu bikekwa bavuka i Makamba, Vugizo, Kayogoro, Gatwe, n’Ivyanda (intara ya Bururi mu bumanuko bw’igihugu), mu Mugamba no mu Rumonge.

Abo bahagaritswe boba bemera ivyo bagirizwa nk’uko igiporisi kibandanya kimenyesha.

Recommended for you