Sunday, March 26, 2023
HomeNewsMakamba: Abakozi ba Leta bose bategetswe guterera igikombe bitiriye umuhisi Nkurunziza.

Makamba: Abakozi ba Leta bose bategetswe guterera igikombe bitiriye umuhisi Nkurunziza.

Abakozi ba Leta bose bakorera mu ntara ya Makamba bariyamiriza itegeko ryashinzwe na buramatari w-iyo ntara umupfasoni Francoise Ngozirazana ryogutanga amafaranga azoshigikira igikombe  bitiriye umuhisi Petero Nkurunziza.Burundi President Nkurunziza plays football amid protests - BBC News

Nk-uko bivurwa n-umwe mu bakozi ba Leta akorera mw-iyo ntara ya Makamba, Ayo mafaranga ngo igitigiri cayo kivana n-akazi canke amabanga umukozi wa Leta  agenewe mu gushigikira igikombe citiriwe umuhisi Perezida Nkurunziza ciswe  Nkurunziza Cup.ikindi ngo intererano y-umukozi wa Leta iratandukanye kuri umwe umwe bivanye n-igisata akoramwo. Akarorero ni akabarongoye ubuzi mu gisata c-amagara y-abantu hamwe n-abayobozi b-amashure bariha amafaranga y-amarundi ibihumbi cumi 10.000Fbu mu gihe naho abo batwara baca basabwa kuriha ibihumbi bitanu vy-amafaranga y-amarundi 5000Fbu.

ˮNi uburyo bwo kudusahura k-umugaragaro.Ntibishoboka ko umwanya wose habaye igikorwa, abategetsi baca baboneraho akaryo ko kwegeranya ku nguvu amafaranga. Nta cegeranyo na kimwe cigeze gisohoka gisigura uko amafaranga  yakoze. Turabizi neza ko amahera yegeranywa aja mu mifuko y-abategetsi bo mu ntara‟ vyavuganwa agashavu n- umwe mu barimu asanzwe yigisha kw-ishure shingiro rya komine ya Mabanda.

Tubamenyeshe ko  ico gikombe citiriwe umuhisi Petero Nkurunziza kizokinirwa kuruwu wa gatandatu igenekerezo rya 26 Ruheshi  ku kibuga c-I Gisenyi kiri muri komine n-intara ya Makamba.

Must Read