Abakozi ba Leta bose bakorera mu ntara ya Makamba bariyamiriza itegeko ryashinzwe na buramatari w-iyo ntara umupfasoni Francoise Ngozirazana ryogutanga amafaranga azoshigikira igikombe bitiriye umuhisi Petero Nkurunziza.
Nk-uko bivurwa n-umwe mu bakozi ba Leta akorera mw-iyo ntara ya Makamba, Ayo mafaranga ngo igitigiri cayo kivana n-akazi canke amabanga umukozi wa Leta agenewe mu gushigikira igikombe citiriwe umuhisi Perezida Nkurunziza ciswe Nkurunziza Cup.ikindi ngo intererano y-umukozi wa Leta iratandukanye kuri umwe umwe bivanye n-igisata akoramwo. Akarorero ni akabarongoye ubuzi mu gisata c-amagara y-abantu hamwe n-abayobozi b-amashure bariha amafaranga y-amarundi ibihumbi cumi 10.000Fbu mu gihe naho abo batwara baca basabwa kuriha ibihumbi bitanu vy-amafaranga y-amarundi 5000Fbu.
ˮNi uburyo bwo kudusahura k-umugaragaro.Ntibishoboka ko umwanya wose habaye igikorwa, abategetsi baca baboneraho akaryo ko kwegeranya ku nguvu amafaranga. Nta cegeranyo na kimwe cigeze gisohoka gisigura uko amafaranga yakoze. Turabizi neza ko amahera yegeranywa aja mu mifuko y-abategetsi bo mu ntara‟ vyavuganwa agashavu n- umwe mu barimu asanzwe yigisha kw-ishure shingiro rya komine ya Mabanda.
Tubamenyeshe ko ico gikombe citiriwe umuhisi Petero Nkurunziza kizokinirwa kuruwu wa gatandatu igenekerezo rya 26 Ruheshi ku kibuga c-I Gisenyi kiri muri komine n-intara ya Makamba.