NEWS

Makamba : Abagirizwa urupfu rwa NTAHIRAJA Emile baciriwe urubanza

on

Sentare nkuru y’intara ya Makamba yashashe ku muhingamo wo kuri uwu wa kabiri igenekerezo rya 8 Nzero 2019, ku rubanza rw’urupfu rw’umudandaza NTAHIRAJA Emile w’imyaka 34 yishwe arasiwe ku musozi Gifumbe, komine Kibago, intara ya Makamba, kw’igenekerezo rya 3 Nzero 2019 nk’igihe c’isaha cumi z’umuhingamo.

Abarengutse imbere y’intahe ni HAVYARIMANA Eric batazira Macari w’imyaka 32 na NDUWIMANA Lévis batazira Sedechias w’imyaka 30 bompi baba ku musozi Kirare, komine n’intara ya Makamba, NIYONCUTI J Marie batazira Nyoni w’imyaka 29 na KABURA Bonaventure batazira Jeyijeyi w’imyaka 28 bompi baba ku musozi Mbizi, komine Kibago, intara ya Makamba, NDUWUMUKAMA Egide w’imyaka 35 aba ku musozi Jimbi, komine Kibago, intara ya Makamba.

Abo bose uko ari batanu bagiriwe n’icaha c’ukwica umudandaza  NTAHIRAJA Emile, baciribwa umunyororo w’ugupfungwa ubuzima bwabo bwose.

KATIHABWA Evariste w’imyaka 39 aba ku musozi Murambi, komine Kibago, intara ya Makamba, nawe nyene ari mu bari bavuzwe ko bagize uruhara muri ubwo bwicanyi yambitswe izera, aho akaba ari mu gihe uwitwa NSENGIYAREMYE Pascal w’imyaka 43 wo ku musozi Mbizi, komine Kibago, intara ya Makamba yaciriwe umunyoro w’amezi atandatu, canke atange amande y’amafaranga ibihumbi ijana vy’amarundi, yagirizwa ko yatanze intahe zitarizo mu matohoza yakozwe na Sentare (Faux témoignages).

Mu bijanye n’indishi y’akababaro izohabwa umuryango w’umuhisi NTAHIRAJA Emile, Sentare yafashe ingingo ko uwo muryango uzohabwa imiriyoni mirongo itanu z’amarundi (50.000.000FBU), ni ukuvuga ko batanu bose baciriwe umunyororo w’uguherayo, umwe wese azotanga imiriyoni cumi  z’amarundi, ariko aho mukamenya ko icakane c’ayo umwe wese azotanga kizoja mu kigega ca Reta.

Abagirizwa urupfu rw’umudandaza
NTAHIRAJA Emile

Recommended for you

4 Comments

  1. gamefly free trial

    June 1, 2019 at 4:18 am

    Magnificent website. Plenty of useful information here.
    I’m sending it to several friends ans also sharing in delicious.

    And naturally, thanks for your effort!

  2. gamefly free trial

    June 2, 2019 at 1:49 am

    Great article.

  3. gamefly free trial

    June 6, 2019 at 2:35 am

    fantastic issues altogether, you simply received
    a new reader. What may you recommend in regards to your
    submit that you just made some days in the past? Any sure?

  4. gamefly free trial

    June 7, 2019 at 6:07 am

    Hi! I realize this is sort of off-topic but I needed to
    ask. Does running a well-established blog such as yours require a large amount
    of work? I am brand new to blogging but I do write in my diary daily.
    I’d like to start a blog so I can share my personal experience and views online.
    Please let me know if you have any suggestions or tips for new aspiring bloggers.

    Appreciate it!

Leave a Reply

Your email address will not be published.