NEWS

Major Petero BUYOYA yashizwe ku rutonde rw’abaronderwa n’ubutungane bw’Uburundi

By

on

Ubutungane bw’Uburundi bwasohoye imitahe mpuzamakungu y’uguhagarika abantu batandukanye barimwo uwahoze arongoye Uburundi, Major Petero BUYOYA.

Nk’uko vyashikirijwe na Sylvestre NYANDWI umushikirizamanza kizigenza wa Repuburika y’Uburundi, bisabwe ko abo bantu bofatwa aho bari hose, bashikirizwe ubutungane bw’Uburundi, kuko ubutungane bw’Uburundi bufise amakuru n’ivyemeza bikwiye ko bagize uruhara mw’igandagurwa ry’uwigeze kurongora Uburundi, umukuru w’igihugu Melchior NDADAYE.

Mu kiganiro n’abamenyeshamakuru ku mugoroba wo kuri uwu wa gatanu, umushikirizamanza kizigenza wa Repuburika yasavye ko ibihugu abo bantu baronderwa barimwo bofasha mw’ifatwa ryabo, bashikirizwe ubutungane bw’Uburundi.

Amazina y’abaronderwa n’ubutungane bw’Uburundi ari kuri urwo rutonde ruri aho munsi.

Recommended for you