NEWS

Major Desire UWAMAHORO aridegemvya

on

Major UWAMAHORO Désiré yahora apfungiwe mw’ibohero rya Bubanza yagirizwa gushaka kwiba abanyamahanga akoresheje amayeri, aridegemvya inyuma y’amezi atatu yari amaze apfunzwe.

Desire UWAMAHORO yahoze arongoye igipolisi kijejwe kurwanya imigumuko ,yahagaritswe yagirizwa gushaka kwiba amafaranga angina 150000 vy’amadorare y’abanyamerika,ayivye umurwizatunga ava mu gihugu ca Koweit,amubwiye ko afise inzahabu.

Major Desire UWAMAHORO yaciye asubirizwa na OPC2 MANARIYO Emmanuel.

Abandi bava mu gihugu ca Republika iharanira intwaro rusangi ya Kongo bari kumwe muri urwo rubanza baciriwe gupfungwa imyaka itanu.

Recommended for you

Leave a Reply

Your email address will not be published.