NEWS

Magufuli: ” Simbona akamaro ko gutandukanya imvyaro muri Tanzaniya…”

on

Umukuru w’igihugu ca Tanzania, John Pombe Magufuli kuva agiye ku butegetsi muri co gihugu mu mwaka wa 2015, hari ibintu vyinshi ashaka guhindure, bimwe bimwe mbere usanga abirwanywako na bamwe bamwe mu ntwaro yiwe. Ubu naho yaraye amenyeheje ko ‘atabona akamaro ku Batanzania ko gukoresha uburyo bwo gutandukanya imvyaro’.

Barya bakoresha uburyo bwo gutandukanya imvyaro[family planning] ni ibinebwe…baratinya kubera ko batazoshobora kugaburira abana.Ntibashaka gukorana inkomezi kugira bagaburire umuryango munini.Nico gituma baca bahitamwo gukoresha uburyo bwo gutandukanya imvyaro maze bakisanga bafise akana kamwe canke tubiri“,niko Magufuli yamenyeheje.

Ivyo kaba yabivuze amenyesha ko amaze kubona ingaruka mbi zo kutavyara abana mu bihugu bimwe bimwe vya Buraya na Amerika aho usanga ata bantu bakiri bato bashobora gukora ibikorwa vy’inguvu kubera batarondoka, niko ikinyamakuru caho muri tanzania The Citizen camenyesheje.

Magufuli yabimenyesheje igihe yariko akoresha inama mu gace ka Meatu ko ‘abigisha uburyo bwo gutandukanya imvyaro bafise zindi ntumero mbi’. Igihugu ca Tanzaniya kikaba gifise abantu bashika imiliyoni 55, aho ni mu gihe umukeneyezi umwe hagizwe incahagati usanga afise abana 5.

Ariko rero, naho Magufuli yamenyeheje ivyo, hari umwe mu ntwaro yiwe w’umushingamateka yamenyesheje ko ayo majambo ya magufuli aje avuguruza amategeko asanznwe ahari ku bijanye no kurondoka. Iyo mvugo yiwe ikaba itashimwe na gato mu gihe leta ifise amategeko avuga yuko abana bane gusa mu muryango aribo bovurwa na leta( ivyo bita state health insurance).

Recommended for you