NEWS

Magufuli Na Museveni Bariyamiriza Amatohoza Ya CPI Ku Burundi.

on

Abakuru b’ibihugu vya Tanzaniya na Uganda aribo John Pmbe Magufuli na mugenziwe Yoweri Kaguta Museveni briyamiriza bivuye inyuma ingingo ya Sentare Mpuzamakungu Mpanavyaha CPI yo gutangaza ko igiye gukora amatohoza ku Burundi.

Nkuko ikinyamakuru Chimp Reports cabimenyesheje,Museveni, ubu ahagarariye Ishirahamwe rya Afrika y’Ubuseruko, yamenyesheje ko ikintu cose coza gihungabanya amahoro muri Afrika y’Ubuseruko kitokwemerwa n’Ishirahamwe rya Afrika y’Ubuseruko EAC.

Museveni yamenyesheje ati : « Ico dushaka ni amahoro mu Burundi. Twari twapanze ko mu nyuma mu Burundi hobayeho Umurwi w’Amahoro no kurekuriranira wokurikiranye ivyo bibazo inyuma yo kugarukana amahoro. Museveni akaba kandi yamenyesheje ko agiye kuzoyaga n’abandi bategetsi bo muri EAC hama barungike itangazo muri Sentare Mpuzamkungu CPI.

Museveni yabandanije ati: “Dutegerezwa kwiyamiriza izi ngingo zifatwa abandi batagishijwe inama. Kubera iki batatugisha inama?Aba ni abantu bacu kandi turafise amakuru ku vyerekeyte ingorane ziri mu Burundi”.

Umukuru w’igihugu ca Tanzaniya, John Pombe Magufuli nawe nyene yashigikiye Museveni mu kwiyamiriza Sentare Mpuzamakungu Mpanavyaha CPI. Magufuli yamenyesheje ati: “Uko ibintu vyifashe mu Burundi si nabi kuko impunzi zaratanguye guhunguka. Aya matohoza ya CPI azoza avuruga ugutekanirwa kw’Uburundi aho gutunganya ibintu mu buryo bwiza”.

Magufuli akaba yamenyesheje ko amatohoza ku Burundi ya CPI azoba nk’ugusubira inyuma ku Nama idasanzwe izoba mu mpera za kuno kwezi kwa Munyonyo izokorwa n’umufasha mu biganiro vy’Abarundi, Benjamin Mkapa na Yoweli Kaguta Museveni

Recommended for you