Tue. Jan 28th, 2020

Macky Sall yagizwe umuhuza mu biganiro bihuza Abarundi

Umukuru w’igihugu wa Sénégal Macky Sall yatowe kugira abe umuhuza mu biganiro vy’Abarundi, akaba yatowe n’ishirahamwe ry’ubumwe bwa Afrika, mu gihe hari haheze iminsi yagirizwa ko atagira umwanya w’ugukurikirana ikibazo c’Uburundi kuko ari mu myiyamamazo y’ukwitegurira amatora y’umukuru w’igihugu yimirije muri Uganda.

Iyo ngingo ifashwe inyuma y’aho umuryango w’Ubumwe bwa Afrika umenyeshereje amazina y’intumwa zo mu rwego rwo hejuru zigiye kurungikwa mu Burundi kuganira n’abategetsi b’Uburundi, ku kibazo ca poritike n’umutekano muke bivugwa mu Burundi. Muri abo bategetsi hakaba harimwo na Macky Sall, umukuru w’igihugu wa Sénégal

sall

Mw’itangazo umuryango w’ubumwe bwa Afrika wasohoye, bamenyesheje ko izo ntumwa zitowe mu ntumbero yo gushira mu ngiro ivyasabwe n’inama y’abakuru b’ibihugu na Reta iherutse kubera i Addis Abbeba muri Ethiopia. Izo ntumwa zizoba zizanwe n’ukuganira na Reta y’Uburundi, n’abandi bose begwa n’ikibazo c’Uburundi, ku bijanye n’ibiganiro n’abatavuga rumwe na Reta, hamwe n’irungikwa mu Burundi ry’abasirikare b’umuryango w’Ubumwe bwa Afrika (MAPROBU), mu gihe Reta y’Uburundi yovyemera.

Izo ntumwa zigizwe n’abakuru b’ibihugu bahagarariye uturere dutanu twa Afrika, abo nabo akaba ari umukuru w’igihugu wa Mauritania Mohamed Ould Abdel Aziz azoba aserukiye akarere ka Afurika ya ruguru

Umukuru w’igihugu wa Afrika y’epfo Jacob Zuma, azoba aserukiye akarere k’amajyepfo ya Afrika

Umukuru w’igihugu wa Senegal Macky Sall, azoba aserukiye akarere ka Afrika y’uburengero

Umukuru w’igihugu wa Gabon Ali Bongo Ondimba azoba aserukiye akarere ka Afrika yo hagati

Umushikiranganji wa mbere wa Ethiopia Hailemariam Desalegn, azoba aserukiye akarere ka Afrika y’ubuseruko.