ku wamungu itariki ya 2 ” March 02, 2014 saa munani z’ijoro niho hatanzwe ibihembo bikomeye muri sinema vyitwa ’Oscars’ mu muji wa Los Angeles hano muri Leta zunze ubumwe za America.
Umukobwa ava muri Kenya azwi kwizina rya Lupita Nyong’o yegukanye agashimwe gakomeye nk’umukinyi werekanye ko ashoboye muri Movie yakinye ya “12 Years a Slave” ino reresi ( Movie )niyo yegukanye ibihembo vyinshi harimwo n’igihembo ko ariyo film nziza.
Uyumukobwa amaze kuba icamamare ( umu Star ) muri Cinema hano muri Amerika ndetse no kwiIsi hose
Lupita Nyong’o nyuma yokuronka iki gihembo umunezero niwo wamuranze, ikindi naco nuko aka gashimwe yaronse kashimishije benshi kuburyo na Nyakubahwa President wa Kenya ( Uhuru kenyata ) yamushimiye ndetse akavuga ko Lupita Nyong’o akomeje guhesha agaciro Africa.