Tuesday, May 30, 2023
HomeNewsLupita Nyong’o niwe yatowe nk’umukobwa wa mbere mwiza w’umwaka !

Lupita Nyong’o niwe yatowe nk’umukobwa wa mbere mwiza w’umwaka !

Umukobwa aturuka mu gihugu ca Kenya yaraye atewe iteka mu bandi bakobwa baba mu gihugu ca Reta Zunzubumwe z’Amerika, ryo kwambikwa ikanga ry’umukobwa wa mbere mwiza w’umwaka w’2014, mu matora yagizwe n’ikinyamakuru People .

Ku myaka 31, Lupita Nyong’o yaratowe n’ikinyamakuru People co muri Reta Zunzubumwe z’Amerika. Nk’uko ico kinyamakuru cama kigira urutonde rw’abakobwa beza uko umwaka utashe, uyu mwaka mu bahiganwa, Lupita Nyong’o niwe yatwaye ikibanza ca mbere. Yakwirikiwe na Keri Russel, hakwirikirira uwitwa Jenna Dewan-Tatum, Mindy Kaling, uwuza mu kibanza ca 5 n’umuririmvyi Pink. Ikibanza nk’ico c’ubwiza cigeze gutwarwa na bandi nka Cindy Crawford, Mel Gibson canke nka Leonardo Dicaprio.

Lupita Nyong’o ava mu gihugu ca Kenya avugako nyina wiwe yamubwiyeko ko ari mwiza kuva afise imyaka 16 agiye kuba mu gihugu ca Mexique.

Kubera ubwiza afise, Lupita Nyong’o yaciye atorwa n’ishirahamwe ry’Abafaransa”Lancome” kugira aribere umuhanuzi. Mwomenyako Lupita Nyong’o asanzwe ari umukinyi w’amareresi, ninaho aheruka guhabwa agashimwe k’umukinyi wa mbere (oscar) mw’ireresi yakinyemwo yitwa “12 a Years a Slave”bisigura “Imyaka 12 y’ubuja”.

Must Read