NEWS

Lucy Asuagbor Yagenywe Gukora Mu Mugwi wa ONU Ukora Amatohoza Ku Burundi.

on

Umunya Cameroun Lucy Asuagbor yagenywe ejo ku musi wa mbere kugira ngo akore mu murwi wa ONU ukora amatohoza ku Burundi. Akaba agiye gusubirira umu nya Benin, Reina Alapini Gansu. Akaba agiye kubandanya akorana n’umunya Senegal Doudou Diène hamwe n’umwongereza Françoise Hampson kugira babandanye igikorwa bashinzwe co gukora amatohoza yigenga ku Burundi.

Uyo Lucy akaba yarakoze ari umucamanza mukuru mu gihugu ciwe ca Cameroun maze akaba asanzwe atanga ivyegeranyo ku bijanye n’agateka k’abakenyezi muri Afrika.

Uyo mugwi ukora amatohoza ku Burundfi,watanguye ayo matohoza muri Nyakanga 2016 maze ukaba warayabandanjije gushika muri Nyakanga 2017, ukaba ukora amatohoza yigenga ku mabi yabaye mu Burundi kuva mu mwaka wa 2015. Uyo mugwi bikaba vyitezwe ko uzoshikiriza icegeranyo vuba cane ku bijanye n’ingingo zafashwe mu bijanye n’agateka ka zina muntu, nk’uko La Libre Afrique ibishira ahabona.

Uwo mugwi wari urongowe na Fatsah Ouguergouz, wari washize ahabona ko ‘amabi menshi’ yakozwe mu Burundi yakozwe ku rwego rwo guhonyanga agateka ka zina muntu ku rwego rwo hejuru. Ico cegeranyo cari cerekanye ko « abategetsi bo ku rwego rwo hejuru mu gihugu » babazwa ayo mabi, hamwe na bamwe bamwe mu batavuga rumwe na Leta bafise impagararo ikaze( opposants radicaux).

Recommended for you