Umuririmvyi lolilo n’Umuririmvyi fizzo bagiye gukorana indirimbo izotangaza abantu benshi ikaba imaze gukorerwa instrumental ikaba izoba yitwa “IMFURA Z’UBURUNDI”.
Nkuko musanzwe mubizi umuririmvyi Fizzo na Lolilo bari bamaze igihe kitari gito batumvikana ariko bikaba vyahora bibabaza aba fans benshi basanzwe bakunda umuziki w’Uburundi, Inyuma yivyo vyababaza aba fans ubu bariko barakora indirimbo nshasha izoba yitwa “IMFURA Z’UBURUNDI”igihe Fizzo azogarukira bazoca bayiheraheza kuko fizzo yagiye bamaze gukora instrumental.
Ivyo bikaba biryohera cane aba fans ba Fizzo na Lolilo bikagaragara ko umuziki w’uburundi ugira ushike ku ntambwe iteye igomwe.