Ishirahamwe LIGUE IZERE rihamagarira abarundi hamwe n-abari mu mahanga kwitegurira imyiyerekano yo gushigikira iyemezwa ry-ubwicanyi bwabaye mu mwaka 1972 nka «jenoside yakorewe yakorewe abarundi bo mu bwoko bw-abahutu»
Iryo shirahamwe risanzwe riri mu mashirahamwe adaharanira inyungu za politike ariko yegamiye umugambwe uri ku butegetsi CNDD-FDD abivuze mu gihe inama nshingamateka na nkenguzamateka hamwe n-umurwi ujejwe kumenya no kunywanisha abarundi CVR bemereje kuri uyu wa mbere ubwicanyi bwabaye mu mwaka w-1972 nk-ihonyabwoko ryakorewe abarundi bo mu bwoko bw-abahutu.
Abatari bake mu barundi bakaba bavuga ko umurwi CVR wihaye akazi katari akawo kubona wemeje ubwo bwicanyi bwabaye mu myaka y-1972 na 1973 nka jenoside, kuko ari ishirahamwe mpuzamakungu ONU ribifitiye uburenganzira bwo guha izina rya jenoside ku bwicanyi buba bwakozwe.