Umuhari uharanira agateka ka zina muntu mu Burundi ITEKA umenyesha mu matohoza wakoze watoye igitigiri kirenga 345 c-abanyororo bapfuye hamwe n-abarenga 100 bariko baravurirwa kwa muganga bivuye ku muriro wadutse mw-ibohero rikuru rya Gitega kuwa 7 kigarama 2021.
Umuhari ITEKA utanga akarero ko muri bloc ya 4 harimwo abanyororo 273 , abagera kuri 20 nibo bonyene barokotse . Abapolisi baguma barasa mu kirere kugira babuze abanyororo gusohoka babura kubakiza uwo muriro , vyabiduga vya kizimya mwoto biri mu gisagara ca Gitega biza kuzimya uwo muriro bitevye. Anschaire Nikoyagize arongoye LIGUE ITEKA arerekana uruhara rwa Leta ku vyononekaye vyose maze akayisaba gushira ahabona igitigiri nyezina c-abahitanywe n-uwo muriro.
«ukuboko kwa Leta kuribonekeza muri uwo muriro wabaye mugihe itatabaye ku mwanya.LIGUE ITEKA yamenye yuko abapolisi bari ngaho baguma barasa hejuru kugira babuze aboshobora gusimba ibihom. Muri ico gihe LIGUE ITEKA igasaba ko Leta yoha indishi y-akababaro abakomeretse hamwe n-imiryango y-ababuze . Leta y-uburundi yogira urutonde rw-abantu bose bahitanywe n-uwo muriro, abapfuye bahambanwe agateka imiryango yabo ibona» Niko Anschaire Nikoyagize asigura.
Mu gihe ibitigiri vyatanzwe n-icegera c-umukuru w-igihugu Prosper Bazombanza bivuga ko haphuye abanyororo 38, 69 nabo barakomereka bivanye n-intsinga z-amatara zafatanye , umuhari ITEKA wo urabihakana nyaburya abahitanywe n-uwo muriro Leta yaciye ibahambira mu bumwanya ibahamba vyihuta ababo batahari .