Umurwi ujejwe amatora muri Libiya watangaje kuri uyu wa gatatu ko uhakanye kandidatire ya Seif al-Islam Kadhafi, yo kwitoreza kuba umukuru w-igihugu mu matora yimirije muri Kigarama uy-umwaka turimwo.
Seif al-Islam asanzwe afise umutahe wa sentare mpuzamakungu mpanavyaha kuvyaha vyo mu ntambara, yiyandikishije kuba mubazokwitoza kuwa 14 munyonyo 2021. Akaba ari mubandi ba kandida 25 dosiye zanswe nkuko uwo murwi ubivuga.
Nkuko tubisoma ku rubuga rw-iradiyo Ijwi rya Amerika, Uwo murwi w-igihugu utegura amatora wasiguye ko wahakanye kandidatire z-abo bantu 25 wisunze imitahe barungikiwe n-amasentare hamwe n-amakuru kuri bo yatanzwe n-abategetsi mu gisata c-ubutungane. Seif Al-Islam yari yaciriwe kandi urubanza rwo gupfa na sentare y-i Tripoli mu mwaka w-2017 yagirizwa ivyaha vy-ubwicanyi mu gihe c-imigumuko yahavuye ihitana se wiwe, maze mu nyuma arababarirwa na Leta ikorera mu buseruko bwa Libiya.