Kuri uyu wa kabiri igenekerezo rya 3 Myandagaro 2021, Igihugu ca Leta Zunze ubumwe za Amerika carafashe ingingo yo gukuraho ibihano vyari vyafatiwe igihugu c-uburundi mukwima impusha bita ˮVISA‟ abarundi baja mw-ico gihugu rutura kw-isi.
Iyo ngingo yari yafashwe n-ubutegetsi bwa perezida Donald Trump mu kwezi kwa Ruheshi mu mwaka w-2020 bitewe n-uko Leta y-uburundi yari yanse kwakira abanyagihugu bayo birukanywe bahowe no kuba muri Leta zunze ubumwe za Amerika batagira impapuro zivyemeza.
Mu kwezi kwa Ndamukiza , Niho ubutegetsi bwa Perezida Joe Biden bwagaragaza ko bugire bukureho iyo ngingo yo kwankira impusha za VISA ku banyagihugu bu Burundi. Abiteze gufashwa cane n-iyo ngingo akaba ari abanyeshure bipfuza kuja kwigayo hamwe n-abaja kwivuzayo.