Sunday, March 26, 2023
HomePoliticsLeta zunze ubumwe za Amerika zakuyeho ibihano zari zafashe zo kwima Visa...

Leta zunze ubumwe za Amerika zakuyeho ibihano zari zafashe zo kwima Visa abarundi baja mw-ico gihugu.

Kuri uyu wa kabiri igenekerezo rya 3 Myandagaro 2021, Igihugu ca Leta Zunze ubumwe za Amerika carafashe ingingo yo gukuraho ibihano vyari vyafatiwe igihugu c-uburundi mukwima impusha bita ˮVISA‟  abarundi baja mw-ico gihugu rutura kw-isi.Nouvel Ambassadeur des Etats-Unis au Burundi: Vers un renforcement des  liens de coopération

Iyo ngingo yari yafashwe n-ubutegetsi bwa perezida Donald Trump mu kwezi kwa Ruheshi mu mwaka w-2020 bitewe n-uko Leta y-uburundi yari yanse kwakira abanyagihugu bayo birukanywe bahowe no kuba muri Leta zunze ubumwe za Amerika batagira impapuro zivyemeza.

Mu kwezi kwa Ndamukiza , Niho ubutegetsi bwa Perezida Joe Biden bwagaragaza ko bugire bukureho iyo ngingo yo kwankira impusha za VISA ku banyagihugu bu Burundi.  Abiteze gufashwa  cane n-iyo ngingo akaba ari abanyeshure bipfuza kuja kwigayo hamwe n-abaja kwivuzayo.

 

Must Read