Leta y’uburundi iherutse kwemerera amashirahamwe yagiye hamwe ngo yubake ububiko bw’igitoro mu ntumbero yo gutorera umuti ikibazo kijanye n’ikena ry’ico gitoro mu Burundi.Bikaba vyaraye vyigiwe mu nama nshikiranganji yakoranye mu ndwi iheze. Mw’ishirahamwe OLUCOME ryiyemeje kurwanya abarya ibiturire n’isesagurwa ry’amatungo ya Leta, barashima iyo ngingo yo kwubaka ububiko bw’igitoro ariko harivyo basaba yokwihutira gukora mu maguru masha.
Inama nshikiranganji yakoranye mu ndwi iheze yabonye ko kwubaka ububiko bw’igitoro mu gihugu arivyo vyoza bifasha ko ubutunzi bw’igihugu butoguma buhungabana , bivuye kw’iduga ry’ibiciro mu masoko. Ariko vyasabwe ko ibiciro vy’igitoro vyo kurangura vyoshingwa kare kandi iryo shirahamwe rikemerwa gutangura kuzana igitoro rimaze kwubaka ububiko. Ikindi naco, nuko ngo n’ayandi mashirahamwe akeneye kukizana yokwemererwa.
Nkuko tubisoma mw’itangazo ryashizwe ahabona n’umuvugizi wa Leta akongera akaba n’umunyamabanga mukuru wa Leta Prosper Ntahorwamiye, Ubwo bubiko bw’igitoro bukaba bugiye kuzokubakwa mu ntara za Rumonge, Makamba, Gitega, Cankuzo , Ngozi na Cibitoke.
Muri OLUCOME bakaba bashimishimishijwe n’iyo ngingo ya Leta yo kwubaka ubwo bubiko bw’igitoro, ariko akabona ko ico kwihutirwa ari ukwiga uko amafaranga y’agaciro yoboneka kuko ariwo muzi w’ibintu vyose bikenye mu gihugu c’uburundi. Gabriel Rufyiri arongoye OLUCOME akamenyesha ko kugira ayo mafaranga mvamakungu ashobore kuboneka mu Burundi nuko hagwizwa umwimbu w’ibiterwa njabukamazi, kworohereza abanyamitahe , hamwe n’ibindi,…