NEWS

Leta Y’Uburundi Yanse Kuganira Ku Bintu Umunani Vyashikirijwe N’Ibiro Vy’Umuhuza.

on

Ibiganiro Bihuza Abarundi Biriko Bibandanya i Arusha mu gace ka NGURDOTO Mountain Lodge nko ku bilometero 40 uvuye i Arusha.Abaserukira Leta y’ Uburundi bose bakaba bakiriwe uyu musi n’ ibiro vy’umuhuza.

Ariko rero muri ico kibanza kiriko kiberamwo ibiganiro akaba ata mumenyeshamakuru yemerewe kwinjira canke kuhegera ngo afate amajwi canke amafoto.Abamenyeshamakuru bakaba babwiwe n’ibiro vy’umuhuza ko borindira bagahabwa ivyavuye mu biganiro mu nyuma.

Ejo niho hasohoka urutonde rw’ibiganirwako muri ivyo bigabiro bihuza Abarundi abenshi biteze ko hashobora kuboneka umuti ku ngorane zihanze Uburundi.

Nguru urutonde rw’ibintu 8 vyitezwe kuganirwako i Arusha kuri iyi foto:

Ariko rero, ku makuru yashikiriye ikinyamakuru kimwe gikorera hanze y’Uburundi, abaserukizi ba Leta y’Uburundi bakaba bamiriye kure kuganira ku rutonde ruriko ivyitezwe kuganirwako muri ivyo biganiro rwasohowe ejo n’ibiro vy’umuhuza.

Abaserukizi ba Leta y’Uburundi bakaba bari biteze kuganira ku gice ca nyuma c’ibiganiro atari gusubira kuganira ku bintu vyaganiweko ubwa mbere.Ukwo kugumya ibintu kwa Leta y’Uburundi kuratuma abenshi bibaza uko bigiye kugenda.

Nk’uko biboneka kuri urwo rutonde rw’ibiganirwako( kw’ifoto), harimwo ukuraba ko hojaho intwaro ihuriihurikiyemwo bosebose baba abatsinze amatora n’abatayatsinze(gouvernement d’Union National), ivyo navyonavyo bikaba bitoshimwa na bose.N’amakuru abandanya atohozwa neza…

Recommended for you