Sunday, March 26, 2023
HomeNewsLeta y'Uburundi yamirira kure ivyagirizi vya Donald Trump ku Burundi

Leta y’Uburundi yamirira kure ivyagirizi vya Donald Trump ku Burundi

Leta y’Uburundi yamirira kure ivyagirizi vya Donald Trump ku  gihugu c’UBurundi ko ‘giteye akaga ku mutekanao na politike vya Leta Zunze Ubumwe za Amerika’.

Ivyo vyashizwe ahabona n’umuvugizi wa leta y’Uburundi, Prosper Ntahorwamiye mw’itangaza ryashizwe ahabona ejo ku musi wa mbere ku wa 23 Kigarama 2019.

Ntahorwamiye aragaruka kw’itangazo rya Donlad Trump, umukuru w’igihugu ca leta Zunze Ubumwe za Amerika, ryashizwe ahabona muri Munyonyo 2019 ku vyerekeye Uburundi.

Uburundi ntibuteye akaga na gato ku mutekano  na politike vy’igihugu ca Leta Zunze Ubumwe za Amerika”, niko Ntahorwamiye yavuze.

Leta y’i Gitega igasaba nomero imwe wa Leta Zuze Ubumwe za Amerika gusubira kwihweza ingingo yiwe yafashe ku Burundi maze itangazo yasohoye ku Burundi rifutwe.

Ntahorwamiye avuga kandi ko amajambo ya Donald Trump atangaje cane mu gihe amashirahamwe Mpuzamakungu nka ONU asigaye araba ryiza igihugu c’Uburundi.

Must Read