NEWS

Leta y’Uburundi Yamirira Kure Icegeranyo ca Human Rights Watch.

on

Ishirahamwe rijejwe ivy’agateka ka zina muntu Human Rights Watch ryaheruka gushira ahabona icegeranyo aho ryavuze ko leta y’i Bujumbura ihohotera abatavuga rumwe na leta kubera bagirizwa kutiyandikisha gutora mu matora yo guhinyanyura ibwirizwa shingiro.

Leta y’Uburundi ntiyatevye kubeshuza ibivugwa muri ico cegeranyo ca Human Rights Watch. Gaston Sindimwo, icegera ca mbere c’umukuru w’igihugu, akaba yamirira kure ico cegeranyo, amenyesha ko “ivyo vyagirizo” bizanana mw’ishirahamwe riri kumwe nabagize umugambi mubi ku gihugu, nk’uko Sindimwo yabivuze kuri RFI.

Soma kandi: Icegeranyo ca Human Rights Watch Ku Mabi yakozwe Muri Aya Mezi Agana kw’ihinyanyurwa Ry’ibwirizwa Shingiro.

Sindimwo akamenyesha ko ‘ ibikorwa vyose vya Human Rights Watch ari ibihamagarira abantu hamwe n’amakungu mu gucafuza isura ya Leta y’Uburundi’.

Gaston sindimwo ati: “Leta y’uburundi irafatanye mu nda, kandi cane, yiyemeje gushitsa Abarundi ahantu heza”. Sindimwo akabona kandi ko hari Abarundi bamwe bamwe bashigikiye ivyo vyigerenyo yise ‘abantu usanga batitaho ibintu’.

Recommended for you