NEWS

Leta y’Uburundi Yamenyeshejwe Ko ‘Inama ya COMESA Itazobera Mu Burundi’.

on

Umunyamabanga Mukuru wa COMESA( Umuryango w’isoko rusangi wa Afrika y’Ubuseruko n’ubumanuko) wamenyesheje mu rwandiko Leta y’Uburundi ko ‘inama yari itegekanijwe kubera mu Burundi kuva ku maganekerezo ya 1-10 Ruheshi 2018 itakibereye mu Burundi’.

Impamvu ziboneka muri urwo rwandiko rwashizwe ahabona n’umunyamabanga wa COMESA, Sindiso Ngwenya, ni “ibintu bitari vyitezwe” vyatumye iyo nama itabera i Bujumbura mu Burundi.

Umunyamabanga wa COMESA, Sindiso Ngwenya, ari kumwe na Petero Nkurunziza mu rugendo yaheruka gukora mu Burundi.

Iyo nama ikaba yimuriwe kubera muri Zambia i Lusaka ku murwa mukuru w’ico gihugu mu kwezi kwa Mukakaro 2018.

Naho haguma hari ibibazo vyinshi bitarishurwa neza, biragaragara ko Uburundi buhomvye akaryo kadasanzwe ko kwereka amakungu ko mu Burundi ari nyabagendwa.

Ariko rero, kubera ko imyiteguro yari isa n’iyaheze yo kwitegurira iyo nama ya COMESA, biragaragara neza ko Leta y’Uburundi n’ubu ikibandanya yitegurira iyo Nama yamaze kwungururizwa i Lusaka muri Zmabia.

Recommended for you