NEWS

Leta Y’Uburundi Yagize Ico Ishikirije Ku Cegeranyo Inama Y’Umutekano Ya ONU Iheruka Gusohora.

on

Biciye ku muvuguzi akongera akaba umunyabanga wa Leta, Phillipe Nzobonariba, Leta y’Uburundi yarashikirije ejo ku musi wa gatandatu uko ibona icegeranyo ca ONU ku Burundi giheruka gushirwa ahabona itariki 2 Myandagaro 2017.

Muri iryo tangazo, haribonekeza ko leta ishima ikongera igakenguruka uko Inama y’Umutemano ya ONU yasohoye ico cegeranyo.
Ku bwa Nzobonariba, “Leta y’Uburundi irashimira Inama y’Umutekano ya ONU hamwe n’ibihugu biyiguze ku gufatana munda bagaragaza ku vyerekeye Uburundi hamwe n’abarundi…maze Leta y’Uburundibikaba ikaba ishima ko ONU imaze gutera ku kuntu babona uko ivyo mu Burundi vyifashe”.

Leta y’Uburundi irashima kandi kubona Inama y’Umutekano ya ONU ikenguruka akigoro gakorwa n’abasirikare b’abarundi baja kubungabunga amahoro mu gihugu ca Somalia naho ico gikorwa kitoroshe.
Leta y’Uburundi irashima kandi ko Inama y’Umutekano ya ONU kukuba isaba ibihugu vy’akarere kudashigikira imirwi ihungabanya umutekano,harimwo n’ibihugu biri muri ONU bibitse abo Leta y’Uburundi yita inkozi z’ibibi.Aha aragaruka ku gihugu c’Urwanda aho ngo kibandanya gitegura impunzi z’abarundi zahungiye mu Rwanda kugira bahungabanye umutekano mu Burundi.

Philippe Nzobonariba, Umunyamabanga akongera akaba Umuvugizi wa Leta Y’Uburundi

Ariko rero Leta y’Uburundi ntishimishwa n’uko Inama y’Umutekano ya ONU ku kuntu ivuga ibijabye n’agateka ka zina muntu mu Burundi.ONU irabandanya yemeza ko agateka ka zina muntu kagihonyangwa mu Burundi.Nzobonariba ati: ” Ku vyerekeye ibijanye n’agateka ka zina muntu, Leta y’Uburundi irababajwe kubona Inama y’Umutekano ya ONU ibandanya ikorera ku maraporo akorwa n’abafise intumbero mbi ku Burundi maze bikegekwa kuri Leta y’Uburundi”.

Naho Inama y’Umutekano ya ONU yagarutse kwitegeko ryo kurungika abapolisi ba ONU 228 bo kuza gucungera umuteko mu Burundi( abatararungikwa ubu haheze umwaka hashinzwe iryo tegeko), Leta y’Uburundi irabandanya yiyamiriza iryo Tegeko kuko riza ritubahiriza ubwigenge bw’igihugu c’Uburundi.

Recommended for you

Leave a Reply

Your email address will not be published.