NEWS

Leta y’Uburundi yafashe ubutunzi bw’abaronderwa n’ubutungane.

on

Leta y’Uburundi yaraye ifashe igingo yo gufata ubutunzi bwa bamwe bamwe mu bagirizwa intureka zo mu mwaka wa 2015. Benshi muri bo bakaba bararungikiwe imitahe mpuzakaungu yo kubahagarika.

Mu rwandiko rwashizwe ashabona ku wa 15 Rusama 2019 n’Umushikirizamanza mukuru wa Republika y’Uburundi, Sylvestre Nyandwi, hariko urutonde rwabafatiwe ubutunzi bwabo.

Abo bafatiwe ubutunzi bwabo bakaba batari mu Burundi, abari mu Burundi nabo abakaba bafunzwe nka Cyrille Ndayirukiye.

Abaza kwisonga mu bafatiwe ivyo batunze mu Burundi akaba ari Godefroid Niyombare yayoboye ishaka guhirika ubutegetsi mu mwaka wa 2015 hamwe n’abahoze muri CNDD-FDD nka Leonidas Hatungimana.

Ivyo abo bahunze igihugu bafatiwe ni amazu, canke ibindi bikoresho vyabo batunze bishobora gukoreshwa na leta.

Sylvestre Nyandwi akamenyesha ko leta yoca ifata ivyo batunze maze ‘ikabikoresha’ mu kurindira ko urubanza bakatiwe rucibwa.

Raba urutonde rw’abafatiwe ivyabo na leta y’Uburundi:

Recommended for you