Thursday, December 1, 2022
HomeNewsLeta y'uburundi ntiyarikwiye gufata abarundi baba hanze nk'abansi b'igihugu kuko hari ivyo...

Leta y’uburundi ntiyarikwiye gufata abarundi baba hanze nk’abansi b’igihugu kuko hari ivyo boyifasha vyinshi (André Nikwigize)

Leta y’uburundi ntiyarikwiye gufata abarundi b’abimukira baba hanze y’igihugu nk’abansi b’igihugu c’abibarutse kuko abo barundi nyene bafise ububasha  bwoguterera amafaranga yose Leta y’uburundi izera inze mu mfashanyo ziva mu makungu. Ivyo bishikirizwa na André Nikwigize , umuyobozi nshingwabikorwa w’ishirahamwe ry’abarundi b’abimukira Partenaire pour la paix et la prospérité risanzwe rikorana ka buhanuzi n’inama ya ONU ijejwe ivy’ubutunzi n’imibano.Image

Ni inyuma yaho iryo shirahamwe risohoreye icegeranyo  mu ntango z’uku kwezi kw’indwi ryerekana ko Leta y’uburundi ifise uruhara  mu gutuma abarundi  baba mu mahanga badaterera bihagije mw’iterambere ry’igihugu.

André Nikwigize ati :« Abarundi barize bararangiza amashure ariko kubera intwaro mbi n’agatotezo  mu gihugu, bahisemwo gusaba akazi muri ivyo bihugu . Ariko rero ukwo bagiye muri ivyo bihugu, abo bimukira b’abarundi bose ntibigeze bibagira mu gihugu c’abibarutse , baripfuza gufasha igihugu cabo ariko mu nzira itumbereye.  Baripfuza mbere no gutaha bagafasha kwubaka igihugu cabo cane cane muri ibi bihe ubutunzi bw’igihugu cabibarutse bugeramiwe. Ariko bokorera igihugu abagitwara birirwa barabita amazina nk’abansi b’igihugu, inyanka burundi,…?»

Nikwigize arongera akavuga ko abarundi batuye mu bihugu vyo hanze bafise ububasha bwo guterera amafaranga yose Leta y’uburundi izera inze mu mfashanyo ziva mu makungu. Abivuga uku :«…Abo bimukira b’abarundi ni itunga n’ubumenyi  vy’uburundi. Mbega aho uburundi bwambambira ababufasha ngo babuhe amadeni, uraziko abmukira b’abarundi bashobora gutanga intererano irengeye mbere izo mfashanyo  uburundi buronka ku mwaka, nkuko bigaragara mu bihugu bimwe bimwe vyo muri Afrika».

Tubamenyeshe ko icegeranyo giheruka gusohorwa na Partenaire pour la paix et la Prosperité cerekanye ko abo barundi baba hanze binjiza mu Burundi ku mwaka ku mwaka  imiriyoni zirenga gato 45 z’amadorare y’abanyamerika.  Ariko iryo shirahamwe rikavuga ko ayo mafaranga aba aba arenga imiriyoni 500 z’amadorare ku mwaka ari hamwe Leta y’uburundi ifashe neza abo barundi maze nabo bakumva bagize ishaka ari benshi ryo guterera mw’iterambere ry’igihugu.

 

Must Read